Kurikirana ikiganiro BIRASHOBOKA » gica ku nsamirizi yanyu #RFM ku munsi wa gatatu igihe c’isaha zitatu zagatondo(#9h) no ku munsi wa gatanu igihe cisaha zine(#10h).Birashoboka n’ikiganiro catanguye mu kwezi kwa Munyonyo 2020,n’intumbero nyamukuru yo gufasha urwaruka rutandukanye kwisununura mu migambi yarwo,na cane cane mu kubatera intege mu kwikorera ivyabo hako bazera inze Reta. Mu kiganiro »BIRASHOBOKA »co kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 27 nzero 2021,umutumire azoba ari NIYONZIMA Ignace, Umuhuza bikorwa ku rwego rw’igihugu mu runani rw’amashirahamwe y’urwaruka CPAJ, aho azotuyagira vyinshi muvyo urwaruka rugenda ruhura navyo mu vyerekeye kwitezimbere na cane cane kubaha umuco w’ukuntu bovyifatamwo.Ico kiganiro muzogishikirizwa na Nelly Nzomukunda arikumwe na Mukunde Arsene muri #Studio za RFM. Mufise ico mubaza, mushobora kwakura canke mukarungika ubutumwa bugufi kuri nimero 75 800 800.Mushobora kandi kuzokurikirana ico kiganiro ikibiriraho #Live k’urubuga ngurukanabumenyi rwa #Facebook « RFM Radio Fréquence Menya ».Mwomenya ko ikiganiro « BIRASHOBOKA » gifashwe mu mugongo na S.F.C.G mu mugambi « TUYAGE » ku buryo butangwa na U.S.A.I.D.