Ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru,ubuhinga bwa none n’ibinyamakuru bwatunganije kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 27 Nzero 2021 mu nyubakwa za #Hoteli#KiririGarden i #Bujumbura uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro ruzomara iminsi 2, rwatumiwemwo abarongoye abandi mu bimenyeshamakuru, abamenyeshamakuru hamwe n’abavugizi b’inzego zitandukanye mu #Burundi.Intumbero nyamukuru y’urwo ruganda akaba ari uguhamagarira ibinyamakuru n’abahinga muri uwo mwuga kugendera akarangamutima ko kumenyesha amakuru hamwe n’ugukomeza intererano yabo mu gihugu.Mw’ijambo ryiwe, umushikiranganji NIJIMBERE Marie Chantal, yamenyesheje ko uruhara rw’ibimenyeshamakuru ari ntangere mw’iterambere ry’igihugu,yongera arakeza ibimenyeshamakuru muri rusangi k’ukungene vyitwaye mu bihe bikomakomeye igihugu carimwo nko mu gihe c’amatora yo mu mwaka wa 2020 no mw’isekeza ryo kurwanya ikiza ca #Covid19.

.